caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Qasas, Verse 45

Mecca · revelation order 49 · 28:45

وَلَٰكِنَّآ أَنشَأْنَا قُرُونًا فَتَطَاوَلَ عَلَيْهِمُ ٱلْعُمُرُ وَمَا كُنتَ ثَاوِيًا فِىٓ أَهْلِ مَدْيَنَ تَتْلُوا۟ عَلَيْهِمْ ءَايَٰتِنَا وَلَٰكِنَّا كُنَّا مُرْسِلِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAriko rero mu nyuma ya Musa, Twahavuye Tugira imigwi itandukanye y’abantu, nya migwi iraheza ibaho ikiringo kirekire hagati ya Musa n’irungikwa ryawe, gutyo nya migwi yibagira isezerano ry’Imana Allah, iranadohoka ku mabwirizwa yayo. Ntumwa y’Imana! Ntiwigeze uba no mu bantu ba Madiyana, ngo uheze usomere abantu warungitsweko Aayah zacu za Qor’ani n’inkuru y’ivyashikiye Musa na Firawuni mu vyo wahumviye, ariko rero iyo nkuru y’ivyashikiye Musa na Firawuni ubiganira, iri mu vyo wahishuriwe n’Imana Allah.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70