قَالَ ءَامَنتُمْ لَهُۥ قَبْلَ أَنْ ءَاذَنَ لَكُمْ إِنَّهُۥ لَكَبِيرُكُمُ ٱلَّذِى عَلَّمَكُمُ ٱلسِّحْرَ فَلَأُقَطِّعَنَّ أَيْدِيَكُمْ وَأَرْجُلَكُم مِّنْ خِلَٰفٍ وَلَأُصَلِّبَنَّكُمْ فِى جُذُوعِ ٱلنَّخْلِ وَلَتَعْلَمُنَّ أَيُّنَآ أَشَدُّ عَذَابًا وَأَبْقَىٰ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiFirawuni yaciye abwira ba bakonikoni n’ishavu n’akantu, ati: “Ubu nyene murubahutse koko muremera Musa muranamukurikira imbere yuko ndabibarekurira! Mu vy’ukuri, biragaragaye ko Musa ari we mukuru wanyu yabigishije ubukonikoni! Kubera ivyo rero, ntegerezwa gucagagura amaboko n’amaguru yanyu binyuranije[4]; ntegerezwa no kubabamba ku bishitsi vy’itende, nta nkeka rero ko muheza mukamenya uwuhasha mu guhana mu buryo bwamaho, ko ari jewe canke Imana ya Musa”.