فَأُلْقِىَ ٱلسَّحَرَةُ سُجَّدًا قَالُوٓا۟ ءَامَنَّا بِرَبِّ هَٰرُونَ وَمُوسَىٰ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho rero Musa yaterera nya nkoni hasi, ya nkoni ica iramiragura nya mizana n’inkoni vya ba bakonikoni, gutyo aba aratsinze. Ba bakonikoni baciye bubama, maze bavuga bati: “Twemeye Imana Rurema ya Musa na Haruna, kuko ivyo twiboneye n’amaso, si ubukonikoni namba”.