وَهِىَ تَجْرِى بِهِمْ فِى مَوْجٍ كَٱلْجِبَالِ وَنَادَىٰ نُوحٌ ٱبْنَهُۥ وَكَانَ فِى مَعْزِلٍ يَٰبُنَىَّ ٱرْكَب مَّعَنَا وَلَا تَكُن مَّعَ ٱلْكَٰفِرِينَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNya bwato butanguye kureremba mu mazi, imikuba na yo ingana umusozi igakubita irya n’ino, Nuhu yahavuye ahamagara umuhungu wiwe aho yari yigungiye ku gatumba, arasemerera ati: “Mwananje! Urira tujane mu bwato, ntuhave usigarana n’abagarariji ngo utwarwe n’isegenya!”.