caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah At-Tawba, Verse 37

Medina · revelation order 113 · 9:37

إِنَّمَا ٱلنَّسِىٓءُ زِيَادَةٌ فِى ٱلْكُفْرِ يُضَلُّ بِهِ ٱلَّذِينَ كَفَرُوا۟ يُحِلُّونَهُۥ عَامًا وَيُحَرِّمُونَهُۥ عَامًا لِّيُوَاطِـُٔوا۟ عِدَّةَ مَا حَرَّمَ ٱللَّهُ فَيُحِلُّوا۟ مَا حَرَّمَ ٱللَّهُ زُيِّنَ لَهُمْ سُوٓءُ أَعْمَٰلِهِمْ وَٱللَّهُ لَا يَهْدِى ٱلْقَوْمَ ٱلْكَٰفِرِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri, uguhindura amazina y’ayo mezi matagatifu kiziramwo kurwana, agahabwa amazina y’ayandi mezi arekuwemwo kurwana, ni ukwimonogoza mu bugarariji, ni n’uburyo shetani ikoresha mu guhubisha abagararije. Bazirura kurwana mu kwezi gutagatifu, bagahindura izina ryakwo muri uyu mwaka, bakazosubira kukuziririza mu mwaka ukurikira, kugira bubahirize gusa igitigiri c’amezi matagatifu uko ari ane ku mwaka, ivyo bigatuma bazirura muri yo, ayari asanzwe yaraziririjwe n’Imana Allah[7]. Shetani yarabaryohereje ububi bw’ibikorwa vyabo. Burya Imana Allah, ntishoboza kurongoka mu nzira yayo abantu b’abagarariji.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70