وَأَنَّا مِنَّا ٱلْمُسْلِمُونَ وَمِنَّا ٱلْقَٰسِطُونَ فَمَنْ أَسْلَمَ فَأُو۟لَٰٓئِكَ تَحَرَّوْا۟ رَشَدًا
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuri twebwe rero, harimwo abislamu b’ukuri, hakabamwo n’abirenganya mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah. Abazokwicisha bugufi rero bakaba abislamu; abo, ni bo bazoba batumbereye inzira y’ukuri.