وَأَنَّا لَمَّا سَمِعْنَا ٱلْهُدَىٰٓ ءَامَنَّا بِهِۦ فَمَن يُؤْمِنۢ بِرَبِّهِۦ فَلَا يَخَافُ بَخْسًا وَلَا رَهَقًا
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMu vy’ukuri, igihe twumva Qor’ani, twaciye tuyemera ata guhigimanga ko ari ukuri kuvuye ku Mana Allah. Kubera ivyo rero, uwo wese yemera Imana yiwe Rurema Allah, ntatinya kurenganywa mu kugabanywa ku ndishi canke kurengerezwa ku vyaha.