وَلِلَّهِ ٱلْأَسْمَآءُ ٱلْحُسْنَىٰ فَٱدْعُوهُ بِهَا وَذَرُوا۟ ٱلَّذِينَ يُلْحِدُونَ فِىٓ أَسْمَٰٓئِهِۦ سَيُجْزَوْنَ مَا كَانُوا۟ يَعْمَلُونَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiImana Allah Irafise amazina meza cane aranga ubutore bwayo, nimuyasabishe rero ku Mana Allah. Mwitandukanye na barya batosekaza amazina yayo[25], bazohembwa ku bicumuro bari barakoze kw’isi mu kugarariza Imana Allah n’Intumwa yayo, no mu gutosekaza amazina yayo.