caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-A'raaf, Verse 164

Mecca · revelation order 39 · 7:164

وَإِذْ قَالَتْ أُمَّةٌ مِّنْهُمْ لِمَ تَعِظُونَ قَوْمًا ٱللَّهُ مُهْلِكُهُمْ أَوْ مُعَذِّبُهُمْ عَذَابًا شَدِيدًا قَالُوا۟ مَعْذِرَةً إِلَىٰ رَبِّكُمْ وَلَعَلَّهُمْ يَتَّقُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y'Imana! Ibuka kandi n'igihe umugwi w’abantu muri bo wabwira uwundi mugwi w’abahanura abarenga kw’ibwirizwa ryo kutaroba ku musi w'isabato wubashwe, uti: “Ni kuki muhanura abantu, Imana Allah Izobahonya kw’isi kubera ivyaha bakora, canke Ikazobahana mu buzima bw’inyuma yo gupfa!”. Abahanura abarenga kuri nya bwirizwa, bishuye bati: “Tubahanura twubahiriza ibwirizwa ryo kubwiriza ivyiza n’iryo kubuza ibibi, kugira tuzoronke icireguzo ku Mana yanyu Rurema Allah ko twabahanuye”. Iryo hanurwa ryabo rero, kwari kugira bagamburukire Imana Allah mu kutarenga ku mabwirizwa yayo.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70