caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-A'raaf, Verse 142

Mecca · revelation order 39 · 7:142

وَوَٰعَدْنَا مُوسَىٰ ثَلَٰثِينَ لَيْلَةً وَأَتْمَمْنَٰهَا بِعَشْرٍ فَتَمَّ مِيقَٰتُ رَبِّهِۦٓ أَرْبَعِينَ لَيْلَةً وَقَالَ مُوسَىٰ لِأَخِيهِ هَٰرُونَ ٱخْلُفْنِى فِى قَوْمِى وَأَصْلِحْ وَلَا تَتَّبِعْ سَبِيلَ ٱلْمُفْسِدِينَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMwibuke n’igihe Twaha Musa isezerano ryo kuvugana n’Imana Allah mu majoro mirongo itatu, hanyuma Turaheza Twongerako ayandi majoro cumi, gutyo ikiringo c’amajoro mirongo ine yagenewe n’Imana yiwe Rurema Allah kiba kirakwiye. Ni ho rero Musa yaheza abwira murumunawe Haruna ati: “Mbera icariho mu bantu banje gushika aho nzogarukira, uheze ubararikire kwumvira Imana Allah no kuyisenga, kandi ntuzohirahire ngo ukurikire inzira y’abagenzwa n’ubwononyi kw’isi”.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70