caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Muhammad, Verse 15

Medina · revelation order 95 · 47:15

مَّثَلُ ٱلْجَنَّةِ ٱلَّتِى وُعِدَ ٱلْمُتَّقُونَ فِيهَآ أَنْهَٰرٌ مِّن مَّآءٍ غَيْرِ ءَاسِنٍ وَأَنْهَٰرٌ مِّن لَّبَنٍ لَّمْ يَتَغَيَّرْ طَعْمُهُۥ وَأَنْهَٰرٌ مِّنْ خَمْرٍ لَّذَّةٍ لِّلشَّٰرِبِينَ وَأَنْهَٰرٌ مِّنْ عَسَلٍ مُّصَفًّى وَلَهُمْ فِيهَا مِن كُلِّ ٱلثَّمَرَٰتِ وَمَغْفِرَةٌ مِّن رَّبِّهِمْ كَمَنْ هُوَ خَٰلِدٌ فِى ٱلنَّارِ وَسُقُوا۟ مَآءً حَمِيمًا فَقَطَّعَ أَمْعَآءَهُمْ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUko Ubwami bw’ijuru bwasezeraniwe abagamburukiramana buteye, burimwo inzuzi nininini z’amazi atemba atigera agira urubobi; inzuzi z’amata akanovera kayo katigera gahinduka; inzuzi z’inzoga y’akanovera iryohera abanywi, burimwo rero n’inzuzi z’ubuki bw’umutsama, busukuye ntiworaba! Muri nya Bwami kandi, bazohabwa n’ivyamwa vy’ubwoko bwose. Hejuru y’ivyo vyose, hari ukugumirizwa akabanga n’Imana yabo Rurema Allah mu kwirengagiza ivyaha vyabo. None ga yemwe! Uwuri mu Bwami bw’ijuru buteye ukwo, yohurira he n’uwuri mu muriro azobamwo ibihe bidahera, aho we n’abo bari kumwe bazohemburwa n’amazi yasebuye akaryimara, maze akabacagagura amara!
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70