caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah An-Nisaa, Verse 129

Medina · revelation order 92 · 4:129

وَلَن تَسْتَطِيعُوٓا۟ أَن تَعْدِلُوا۟ بَيْنَ ٱلنِّسَآءِ وَلَوْ حَرَصْتُمْ فَلَا تَمِيلُوا۟ كُلَّ ٱلْمَيْلِ فَتَذَرُوهَا كَٱلْمُعَلَّقَةِ وَإِن تُصْلِحُوا۟ وَتَتَّقُوا۟ فَإِنَّ ٱللَّهَ كَانَ غَفُورًا رَّحِيمًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBagabo mwubatse izanyu! Ntimuzoshobora gutunganiriza abakenyezi banyu mu rukundo mu buryo bungana n’aho mwovyitwararika, kubera ivyo rero, ntimukirengagize burundu uwo mudahurumbira cane muri bo mu rukundo ngo mumugire intabwa, maze abe nk’uwumanitswe ku gati atabiriwe atahukanye, gutyo mucumure ku Mana Allah. Nimwatunganya ibikorwa vyanyu maze mukagaburira abakenyezi banyu ibibabeshaho bingana ata nkunzi, mugaheza mugatinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo mu kuntu mubanye, bizoba bikwiye. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70