caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Saba, Verse 15

Mecca · revelation order 58 · 34:15

لَقَدْ كَانَ لِسَبَإٍ فِى مَسْكَنِهِمْ ءَايَةٌ جَنَّتَانِ عَن يَمِينٍ وَشِمَالٍ كُلُوا۟ مِن رِّزْقِ رَبِّكُمْ وَٱشْكُرُوا۟ لَهُۥ بَلْدَةٌ طَيِّبَةٌ وَرَبٌّ غَفُورٌ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri, ku mihana y’abantu bo mu bwoko bw’Abasaba-i bigeze kuba muri Yemeni, harimwo icemezo cerekana ubushobozi bwacu Twebwe Allah. Kuri nya mihana, hari imirima ibiri itotahaye; umurima umwe wari ku ruhande rw’iburyo bw’ahari urugomero mu kabande, uwundi na wo ukaba wari ibubamfu bwa nya kabande. Abantu b’Abasaba-i babwiwe bati: “Nimufungure rero mu bibabeshaho mwaronkejwe n’Imana yanyu Rurema Allah, muheze muyishimire, mwahawe igihugu gihimbaye c’akanovera n’akayaga keza, mugira n’Imana Nyenimbabazi-ntangere Allah”.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70