caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah As-Sajda, Verse 12

Mecca · revelation order 75 · 32:12

وَلَوْ تَرَىٰٓ إِذِ ٱلْمُجْرِمُونَ نَاكِسُوا۟ رُءُوسِهِمْ عِندَ رَبِّهِمْ رَبَّنَآ أَبْصَرْنَا وَسَمِعْنَا فَٱرْجِعْنَا نَعْمَلْ صَٰلِحًا إِنَّا مُوقِنُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuntu! Iyo uba wobona ukuntu abanyavyaha bahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa, bicurikiriye bajumarariwe n’ibiteterwe n’akantu ku Mana Yabo Rurema Allah, ico gihe wobonye igitangaza giteye ubwoba; igihe bavuze bati: “Mana yacu Rurema Allah! Twabonye ibibi twakoze, twumvise n’ukuri ivyo Intumwa zawe zahora ziturarikira kw’isi, ni ukuri turigaye. Turagusavye rero Udusubize kw’isi maze dukore ivyiza bitegetswe. Mu vy’ukuri, twemeye ata guhigimanga ivyo twahora duhakana twivuye inyuma kw’isi”.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70