وَوَرِثَ سُلَيْمَٰنُ دَاوُۥدَ وَقَالَ يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ عُلِّمْنَا مَنطِقَ ٱلطَّيْرِ وَأُوتِينَا مِن كُلِّ شَىْءٍ إِنَّ هَٰذَا لَهُوَ ٱلْفَضْلُ ٱلْمُبِينُ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiSulayimani yatoranye kwa se Dawudi ubutumwa, ubumenyi n’ubwami, araheza avuga abwira abantu biwe ati: “Emwe bantu! Twigishijwe gutahura ibivugwa n’inyoni, maze duhabwa n’ububasha bwo gukora ico twipfuza. Mu vy’ukuri, iyi ni yo mpano itomoye iduhesha icubahiro gusumba abandi”.