ٱدْفَعْ بِٱلَّتِى هِىَ أَحْسَنُ ٱلسَّيِّئَةَ نَحْنُ أَعْلَمُ بِمَا يَصِفُونَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiKubera ivyo rero, nihagira uwukugirira nabi mu bansi bawe mu mvugo canke mu ngiro, uraheza wishure nya nabi iciza. Burya Twebwe Allah, Turazi neza na neza ivyo barementanya mw’ibangikanyamana, Tuzobibahembera impera bikwiranye.