يَوْمَ تَرَوْنَهَا تَذْهَلُ كُلُّ مُرْضِعَةٍ عَمَّآ أَرْضَعَتْ وَتَضَعُ كُلُّ ذَاتِ حَمْلٍ حَمْلَهَا وَتَرَى ٱلنَّاسَ سُكَٰرَىٰ وَمَا هُم بِسُكَٰرَىٰ وَلَٰكِنَّ عَذَابَ ٱللَّهِ شَدِيدٌ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiUmusi mwabonye umuhero w’isi ugeze, intureka zawo zizotuma umuvyeyi yonsa yibagira umwana ariko aronsa; umugore yibungeze na we, azokorora imbanyi kubera ubwoba bubica bigacika; maze ubone abantu baborewe bataye ubwenge ata biboreza bashize ku munwa, ariko ivyo vyose bizoterwa n’ibihano vy’Imana Allah bikaze.