caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Anbiyaa, Verse 24

Mecca · revelation order 73 · 21:24

أَمِ ٱتَّخَذُوا۟ مِن دُونِهِۦٓ ءَالِهَةً قُلْ هَاتُوا۟ بُرْهَٰنَكُمْ هَٰذَا ذِكْرُ مَن مَّعِىَ وَذِكْرُ مَن قَبْلِى بَلْ أَكْثَرُهُمْ لَا يَعْلَمُونَ ٱلْحَقَّ فَهُم مُّعْرِضُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiMbega ababangikanyamana bigiriye imana mu gishingo c’Imana Allah kuko zoba zishoboye kugira ico zimaze canke zishe; zishoboye gutanga ubuzima canke kubwaka! Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Nimuzane rero ivyemezo vyerekana ko ibigirwamana ari imana koko zikwiye gusengwa! Nta na kimwe kivyemeza kiri muri iyi Qor’ani nahishuriwe, canke kiri mu Bitabu vyahawe abo hambere yanje”. Ahubwo rero ababangikanyamana basenga ibigirwamana ku bujuju bwo kwigana ivyo batazi, kuko abenshi muri bo ntibazi ukuri; n’iyo bashikirijwe ukuri barakwirengagiza.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70