وَلَوْلَا كَلِمَةٌ سَبَقَتْ مِن رَّبِّكَ لَكَانَ لِزَامًا وَأَجَلٌ مُّسَمًّى
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo rero hataba isezerano ry’Imana yawe Rurema Allah Yamaze gutanga ryo kudahonya abantu warungitsweko, mu kurindiriza ibihano vy’umwe wese mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri vyari kuba ngombwa ko bahonywa bakiri kw’isi kubera igarariza ryabo.