وَيَسْتَعْجِلُونَكَ بِٱلسَّيِّئَةِ قَبْلَ ٱلْحَسَنَةِ وَقَدْ خَلَتْ مِن قَبْلِهِمُ ٱلْمَثُلَٰتُ وَإِنَّ رَبَّكَ لَذُو مَغْفِرَةٍ لِّلنَّاسِ عَلَىٰ ظُلْمِهِمْ وَإِنَّ رَبَّكَ لَشَدِيدُ ٱلْعِقَابِ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Abahakanyi bagusaba ko wokwihutira kubasabira igihano c’ihakana ryabo, imbere yuko bemera bagakora ivyiza vyotuma badahanwa; kandi mu vy’ukuri, aho hambere yabo, hari abahakanyi bamaze guhanwa, ubwo ntibokwikebuka! Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah ni Nyenukubabarira ivyaha ku bantu bigaya ku vyaha bakoze; mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Irahana Igahasha uwo wese atigaya ku vyaha vyiwe.