caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-A'raaf, Verse 127

Mecca · revelation order 39 · 7:127

وَقَالَ ٱلْمَلَأُ مِن قَوْمِ فِرْعَوْنَ أَتَذَرُ مُوسَىٰ وَقَوْمَهُۥ لِيُفْسِدُوا۟ فِى ٱلْأَرْضِ وَيَذَرَكَ وَءَالِهَتَكَ قَالَ سَنُقَتِّلُ أَبْنَآءَهُمْ وَنَسْتَحْىِۦ نِسَآءَهُمْ وَإِنَّا فَوْقَهُمْ قَٰهِرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIndongozi mu bantu ba Firawuni, zarahejeje zibwira Firawuni ziti: “Ubu urakenyeye ureke Musa n’abamukurikiye muri Bene Israyeli bidegemvye, kugira bonone igihugu ca Misiri mu guhindura idini ryacu, baheze basenge Imana Imwe Rudende Allah, bavavanure n’isengwa ryawe hamwe n’iry’ibigirwamana vyawe!”. Firawuni araheza azishura ati: “Tugiye kubahasha mu kwica abana b’abahungu muri Bene Israyeli, duheze dusigaze gusa abana b’abakobwa kugira tubagire abajakazi bacu, kandi mu vy’ukuri twebwe tuzobatsinda, tubaganze dukoresheje inguvu z’ubutegetsi”.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70