هُوَ ٱلَّذِى جَعَلَ لَكُمُ ٱلْأَرْضَ ذَلُولًا فَٱمْشُوا۟ فِى مَنَاكِبِهَا وَكُلُوا۟ مِن رِّزْقِهِۦ وَإِلَيْهِ ٱلنُّشُورُ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi Yo Yaborohereje kuba kw’isi no kuyikorerako. Kubera ivyo rero, nimugendagende mukwiragire mu mihingo yayo yose, mufungure no mu vyo Ibahaye. Ni kuri Yo gusa muzosubira, kugira muharurirwe, muhemberwe n'ivyo mwakoze[2].