هُوَ ٱلْأَوَّلُ وَٱلْـَٔاخِرُ وَٱلظَّٰهِرُ وَٱلْبَاطِنُ وَهُوَ بِكُلِّ شَىْءٍ عَلِيمٌ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi Yo rero Uwintango, Yabayeho hatarabaho n’ikintu na kimwe; Uwuhoraho-Wiherezo Izokwamaho, Rwigaragaza Iri hejuru ya vyose; Rwihisha Iri hafi y’ibiremwa ata na kimwe muri vyo kiyihisha, Itanabonwa n’amaso yavyo ng’aha kwisi. Ni na Yo rero Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibikorwa vy’ibiremwa.