يُطَافُ عَلَيْهِم بِصِحَافٍ مِّن ذَهَبٍ وَأَكْوَابٍ وَفِيهَا مَا تَشْتَهِيهِ ٱلْأَنفُسُ وَتَلَذُّ ٱلْأَعْيُنُ وَأَنتُمْ فِيهَا خَٰلِدُونَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuri nya Bwami rero, bazozimanwa imfungurwa ku masahani y’inzahabu, baherezwe n’ibinyobwa mu birahuri vy’inzahabu nyene. Muri Bwo, hariyo ivyo bipfuza vyose kandi biryoheye n’ijisho. Bazokezwa bati: “Mwebwe rero, muzokwibera mu Bwami bw’ijuru ibihe bidahera;