caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Ghaafir, Verse 50

Mecca · revelation order 60 · 40:50

قَالُوٓا۟ أَوَلَمْ تَكُ تَأْتِيكُمْ رُسُلُكُم بِٱلْبَيِّنَٰتِ قَالُوا۟ بَلَىٰ قَالُوا۟ فَٱدْعُوا۟ وَمَا دُعَٰٓؤُا۟ ٱلْكَٰفِرِينَ إِلَّا فِى ضَلَٰلٍ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbamalayika bazobishura n’agashinyaguro n’akantu bati: “Mbega none, ntimwashikiriwe n’Intumwa zanyu mwarungikiwe, zikaza zibangikanije ivyemezo bitomoye, mukazihakana mwivuye inyuma!”. Na bo bazoheza bemange bati: “Ego cane zaradushikiriye!”. Ni ho ba bamalayika bazoca babiyama bati: “Kubera ivyo rero, twebwe ntiturota tubasabira, enda nimwisabire mwebwe nyene, ariko rero ntimwumvirwa ngo mutezurirwe kuko muri abagarariji, burya igisabisho c’abagarariji nta co kibashikanako, kiretse ko kiba impfagusa”.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70