وَقَالَ ٱلَّذِينَ فِى ٱلنَّارِ لِخَزَنَةِ جَهَنَّمَ ٱدْعُوا۟ رَبَّكُمْ يُخَفِّفْ عَنَّا يَوْمًا مِّنَ ٱلْعَذَابِ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbari mu muriro udahera rero, bose bazobwira abamalayika “Al-Zabaaniya” bacungereye Jahannamu babinginga bati: “Enda nimudusabire ku Mana yanyu Rurema Allah, maze Idutezurire mu bihano n’umusi n’umwe, duheze turuhuke na gato!”;