وَقَالَ ٱلَّذِىٓ ءَامَنَ يَٰقَوْمِ إِنِّىٓ أَخَافُ عَلَيْكُم مِّثْلَ يَوْمِ ٱلْأَحْزَابِ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMaze wa mwemeramana mu bantu ba Firawuni, yishura ahanura yongera agabisha ati: “Jewe mu vy’ukuri, mfise ubwoba n’impungenge, ko mu gihe mwohirahira mukica Musa, mwoshikirwa n’ibihano nk’ivyashikiye imigwi y’abiyunze mu kurwanya Intumwa;