caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Ahzaab, Verse 20

Medina · revelation order 90 · 33:20

يَحْسَبُونَ ٱلْأَحْزَابَ لَمْ يَذْهَبُوا۟ وَإِن يَأْتِ ٱلْأَحْزَابُ يَوَدُّوا۟ لَوْ أَنَّهُم بَادُونَ فِى ٱلْأَعْرَابِ يَسْـَٔلُونَ عَنْ أَنۢبَآئِكُمْ وَلَوْ كَانُوا۟ فِيكُم مَّا قَٰتَلُوٓا۟ إِلَّا قَلِيلًا

Kirundi Translation - Yusuf GahitiIndyarya ku bugugu bwazo, zibaza ko ingabo ziyunze zaneshejwe ata n’urugamba rurinze kuba, ata ho zagiye, kandi zarataye urugamba zikomoka. Iyo rero nya ngabo zigaruka gutera i Madina, indyarya zari kwipfuza kuba ziri kumwe n’abantu baba mu micungararo y’i Madina, aho zari kubariza kure, ku nkuru z’ivyabashikiye ku rugamba; n'iyo vyari gushika zikaba ziri kumwe na mwe ku rugamba, ntizari gupfa zibafashije kurwana kiretse gake.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70