وَمِنَ ٱلنَّاسِ مَن يَشْتَرِى لَهْوَ ٱلْحَدِيثِ لِيُضِلَّ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ بِغَيْرِ عِلْمٍ وَيَتَّخِذَهَا هُزُوًا أُو۟لَٰٓئِكَ لَهُمْ عَذَابٌ مُّهِينٌ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBurya mu bantu, harimwo uwutanga uburyo mu kugura amajambo y’ibihendamaso bisamaza[2], kugira ahubishe abantu inzira y’uburongozi bw’Imana Allah, akagira na Aayah zayo kuba itebura. Uyo rero, ari mu bategekanirijwe ibihano bisuzuguza;