فَخَرَجَ عَلَىٰ قَوْمِهِۦ فِى زِينَتِهِۦ قَالَ ٱلَّذِينَ يُرِيدُونَ ٱلْحَيَوٰةَ ٱلدُّنْيَا يَٰلَيْتَ لَنَا مِثْلَ مَآ أُوتِىَ قَٰرُونُ إِنَّهُۥ لَذُو حَظٍّ عَظِيمٍ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho rero Qaaruuni yasohoka ashajije imbere y’abantu biwe kugira babone ko ahambaye. Abagomba ibihendamaso vy’ubuzima bwo kw’isi bagize ngo baramubonye, baciye bavuga bati: “Ese icari kuduha amatungo n’icubahiro nk’ivyo Qaaruuni yahawe! Mu vy’ukuri Qaaruuni, yarahawe ibakwe ryo kuronka umugabane uhambaye mu vy’isi”.