ٱسْلُكْ يَدَكَ فِى جَيْبِكَ تَخْرُجْ بَيْضَآءَ مِنْ غَيْرِ سُوٓءٍ وَٱضْمُمْ إِلَيْكَ جَنَاحَكَ مِنَ ٱلرَّهْبِ فَذَٰنِكَ بُرْهَٰنَانِ مِن رَّبِّكَ إِلَىٰ فِرْعَوْنَ وَمَلَإِي۟هِۦٓ إِنَّهُمْ كَانُوا۟ قَوْمًا فَٰسِقِينَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiShira ikiganza cawe mu kwaha ugicishije mw’idebure[3] ry’impuzu, kivayo cererana gisayangana bidaturutse ku ndwara y’ubukarabe, uheze ushire n’ukuboko kwawe ku gikiriza uheze utekane. Ivyo rero, ni ibitangaro bibiri uhawe n’Imana yawe Rurema Allah kugira uje kwa Firawuni n’abunganizi biwe”. Mu vy’ukuri Firawuni n’abunganizi biwe, bari abantu b’ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.