وَقُلِ ٱلْحَمْدُ لِلَّهِ سَيُرِيكُمْ ءَايَٰتِهِۦ فَتَعْرِفُونَهَا وَمَا رَبُّكَ بِغَٰفِلٍ عَمَّا تَعْمَلُونَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Uraheza rero uvuge uti: “Ishimagizwa, ni iry’Imana Allah, Yo Izoheza Ikabereka Aayah n’ivyemezo vyayo muri mwebwe nyene no mw’ijuru no mw’isi, muheze mubitahure ukuri kwamye, bitume mutandukanya ukuri n’ikinyoma”; kandi burya Imana yawe Rurema Allah, ntiyirengagiza ivyo mukora, Izobibahembera.