caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah An-Naml, Verse 59

Mecca · revelation order 48 · 27:59

قُلِ ٱلْحَمْدُ لِلَّهِ وَسَلَٰمٌ عَلَىٰ عِبَادِهِ ٱلَّذِينَ ٱصْطَفَىٰٓ ءَآللَّهُ خَيْرٌ أَمَّا يُشْرِكُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Vuga uti: “Nihashimagizwe Imana Allah, nihasangwe amahoro n’umutekano bivuye kuri Yo, abaja bayo Yatoye kuba Intumwa”, uheze ubaze ababangikanyamana uti: “Mbega burya Imana Allah Ishoboye kugira ico Ibamariye n’ico Ibiciye, si Yo Nziza Ikwiye gusengwa, canke ni ibigirwamana muyibangikanya kandi ata co vyimariye, ata n’ico vyiyiciye, nkeswe kugira ico bibamariye n’ico bibatwaye!”.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70