فَلَمَّا جَآءَتْ قِيلَ أَهَٰكَذَا عَرْشُكِ قَالَتْ كَأَنَّهُۥ هُوَ وَأُوتِينَا ٱلْعِلْمَ مِن قَبْلِهَا وَكُنَّا مُسْلِمِينَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiWa mwamikazi wa Saba-i amaze gushika kwa Sulayimani, yabajijwe ati: “Mbega intebe y’inganji yawe yoba imeze nk’ukwo?”. Wa mwamikazi yishura ati: “Mbona isa nkayo!”. Ni ho rero Sulayimani yatahura ko nya mwamikazi yamaze kumenya ububasha bw’Imana Allah, aca avuga ati: “Twari twahawe kumenya ububasha bw’Imana Allah imbere yuko nya mwamikazi abumenya, turaheza twicisha bugufi tuba abislamu”.