قُلْ مَنۢ بِيَدِهِۦ مَلَكُوتُ كُلِّ شَىْءٍ وَهُوَ يُجِيرُ وَلَا يُجَارُ عَلَيْهِ إِن كُنتُمْ تَعْلَمُونَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Babaze ubabwire kandi uti: “Ni nde Agaba Akaganza ibintu vyose mu kubibeshaho, Agatabara uwugize ivyago, ata n’uwushobora gutabara ngo akingire uwundi ibihano n’ivyago Yamugereye nimwaba hari ico muzi koko!”.