لَعَلِّىٓ أَعْمَلُ صَٰلِحًا فِيمَا تَرَكْتُ كَلَّآ إِنَّهَا كَلِمَةٌ هُوَ قَآئِلُهَا وَمِن وَرَآئِهِم بَرْزَخٌ إِلَىٰ يَوْمِ يُبْعَثُونَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiKumbure hari n’aho nokwemera nkumvira Imana Allah mu gukora ibikorwa vyiza, mu vyo nirengagije gukora!”. Eka nateshwe ate aranguha! Ako ni akarimi gusa, ayo ni amajambo avuga atavuye ku mutima; hamwe yoramuka asubijwe kw’isi, nta nkeka ko yokora kandi ivyo yabujijwe. Abamaze gupfa rero, bazitiwe n’uruzitiro “Barzakhi[7]” rutuma badashobora kugaruka kw’isi gushika ku musi w’izuka.