قَالَ يَبْنَؤُمَّ لَا تَأْخُذْ بِلِحْيَتِى وَلَا بِرَأْسِىٓ إِنِّى خَشِيتُ أَن تَقُولَ فَرَّقْتَ بَيْنَ بَنِىٓ إِسْرَٰٓءِيلَ وَلَمْ تَرْقُبْ قَوْلِى
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ho Musa yafata murumunawe Haruna mu kanigo, maze amukwega ubwanwa n’umushatsi, Haruna aca amubwira ati: “Mwana wa mama! Reka kunkwega ubwanwa n’umushatsi; ni ukuri, jewe natinye ko mu gihe nogukurikira wombwira uti: “Bene Israyeli wabaciyemwo imigwi, ntiwaheza ngo wubahirize impanuro naguhaye yo kubacungera!””.