وَلَا تَمُدَّنَّ عَيْنَيْكَ إِلَىٰ مَا مَتَّعْنَا بِهِۦٓ أَزْوَٰجًا مِّنْهُمْ زَهْرَةَ ٱلْحَيَوٰةِ ٱلدُّنْيَا لِنَفْتِنَهُمْ فِيهِ وَرِزْقُ رَبِّكَ خَيْرٌ وَأَبْقَىٰ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiKandi ntukarangamize wipfuza kuronka ivyo Twahaye bamwe mu bagarariji, mu bihendamaso vy’isi bitandukanye kugira Tubibageragerezeko; ibikubeshaho uronkejwe n’Imana yawe Rurema Allah hamwe n’indishi zayo, ni vyo vyiza gusumba ivyo bihendamaso vy’isi, kandi ni na vyo vyamaho.