وَلَا عَلَى ٱلَّذِينَ إِذَا مَآ أَتَوْكَ لِتَحْمِلَهُمْ قُلْتَ لَآ أَجِدُ مَآ أَحْمِلُكُمْ عَلَيْهِ تَوَلَّوا۟ وَّأَعْيُنُهُمْ تَفِيضُ مِنَ ٱلدَّمْعِ حَزَنًا أَلَّا يَجِدُوا۟ مَا يُنفِقُونَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Eka nta n’icaha ku baje bakugana bashaka ko ubafasha icobashikana ku rugamba, maze ukababwira uti: “Nta bitwazi noronka vyobashikana ku rugamba!”, bagaca basubira inyuma amosozi yicunda bishwe n’agahinda n’akantu ko kutagira ico batanga n’icobashikana ku rugamba.