caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah At-Tawba, Verse 31

Medina · revelation order 113 · 9:31

ٱتَّخَذُوٓا۟ أَحْبَارَهُمْ وَرُهْبَٰنَهُمْ أَرْبَابًا مِّن دُونِ ٱللَّهِ وَٱلْمَسِيحَ ٱبْنَ مَرْيَمَ وَمَآ أُمِرُوٓا۟ إِلَّا لِيَعْبُدُوٓا۟ إِلَٰهًا وَٰحِدًا لَّآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ سُبْحَٰنَهُۥ عَمَّا يُشْرِكُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiBagize abamenyi n’abasenzi muri bo ibigirwamana mu gishingo c'Imana Allah, maze na vyo bibashingira ingingo bubahiriza ha kwubahiriza amabwirizwa yayo. Bagize na Masiihi Isa mwene Mariyamu imana, baraheza baramusenga, kandi batigeze bategekwa kiretse ugusenga Imana Imwe Rudende Allah batayibangikanya n’ikintu na kimwe. Nta mana rero ibwirijwe gusengwa atari Yo gusa. Nininahazwe mu buryo burengeye cane ivyo bayibangikanya.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70