وَإِذَا فَعَلُوا۟ فَٰحِشَةً قَالُوا۟ وَجَدْنَا عَلَيْهَآ ءَابَآءَنَا وَٱللَّهُ أَمَرَنَا بِهَا قُلْ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يَأْمُرُ بِٱلْفَحْشَآءِ أَتَقُولُونَ عَلَى ٱللَّهِ مَا لَا تَعْلَمُونَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo bakoze ivyaha bavuga biregura bati: “Ni ryo ragi twarazwe n’abavyeyi bacu, ni ko twasanze bagira. Ni na vyo Imana Allah Yatubwirije”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mu vy’ukuri, Imana Allah ntibwiriza gukora ivyaha. Mbega muvuga murementaniriza Imana Allah ivyo mutazi?”.