قُلْ هُوَ ٱلَّذِىٓ أَنشَأَكُمْ وَجَعَلَ لَكُمُ ٱلسَّمْعَ وَٱلْأَبْصَٰرَ وَٱلْأَفْـِٔدَةَ قَلِيلًا مَّا تَشْكُرُونَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Vuga ubabwire uti: “Imana Allah, ni Yo Yabaremye; Ibaha amatwi kugira mushobore kwumva; Ibaha n’amaso kugira mushobore kubona; Ibaha n’imishaha kugira mushobore gutahura, ariko rero mushima gake cane!”;