تِلْكَ ءَايَٰتُ ٱللَّهِ نَتْلُوهَا عَلَيْكَ بِٱلْحَقِّ فَبِأَىِّ حَدِيثٍۭ بَعْدَ ٱللَّهِ وَءَايَٰتِهِۦ يُؤْمِنُونَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNtumwa y’Imana! Izo rero, ni Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah Tugusomera vy’ukuri. Mbega none, inyuma ya Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah vyemeza ko ari Yo Mana Ikwiye gusengwa vy’ukuri Itabangikanijwe, ni inkuru nyabaki bokwemera!