لَخَلْقُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلْأَرْضِ أَكْبَرُ مِنْ خَلْقِ ٱلنَّاسِ وَلَٰكِنَّ أَكْثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعْلَمُونَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiNi ukuri iremwa ry’amajuru n’isi, rirahambaye kuruta iremwa ry’abantu n’isubizwa ry’ubuzima bwabo bakazuka kandi baramaze guhwera, ariko rero abenshi mu bantu, ntibazi ko iremwa ry’ivyo vyose ryoroshe ku Mana Allah.