وَإِذَا ضَرَبْتُمْ فِى ٱلْأَرْضِ فَلَيْسَ عَلَيْكُمْ جُنَاحٌ أَن تَقْصُرُوا۟ مِنَ ٱلصَّلَوٰةِ إِنْ خِفْتُمْ أَن يَفْتِنَكُمُ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓا۟ إِنَّ ٱلْكَٰفِرِينَ كَانُوا۟ لَكُمْ عَدُوًّا مُّبِينًا
Kirundi Translation - Yusuf GahitiBemeramana! Nimwaramuka mufashe urugendo rero, nta caha kuri mwebwe kiri mu kugabanya[21] ivyunamo vy’isengesho, mu gihe mwotinya ko abansi banyu bobaca mu ryahumye bakabatera muri mw’isengesho[22]. Mu vy’ukuri, abagarariji bamye ari abansi banyu babagaragariza urwanko, nimubiyubare rero.