لَّا يَحِلُّ لَكَ ٱلنِّسَآءُ مِنۢ بَعْدُ وَلَآ أَن تَبَدَّلَ بِهِنَّ مِنْ أَزْوَٰجٍ وَلَوْ أَعْجَبَكَ حُسْنُهُنَّ إِلَّا مَا مَلَكَتْ يَمِينُكَ وَكَانَ ٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَىْءٍ رَّقِيبًا
Kirundi Translation - Yusuf GahitiMuvugishwamana! Kuva ubu rero, nturekuriwe kwabira abagore mu nyuma y’abakenyezi bawe ufise, ntunarekuriwe no kwahukana na bo ngo uheze wabire abandi mu kibanza c’abo[15], n’aho woshimishwa n’ubwiza bw’abo ushaka kwabira, kiretse mu gihe boba ari mu bo ugaba ukaganza mu ncoreke. Burya Imana Allah, Yamye ari Mureretsi w’ivyo mugira.