caseriqMeaning search in the Qur'an

Surah Al-Qasas, Verse 9

Mecca · revelation order 49 · 28:9

وَقَالَتِ ٱمْرَأَتُ فِرْعَوْنَ قُرَّتُ عَيْنٍ لِّى وَلَكَ لَا تَقْتُلُوهُ عَسَىٰٓ أَن يَنفَعَنَآ أَوْ نَتَّخِذَهُۥ وَلَدًا وَهُمْ لَا يَشْعُرُونَ

Kirundi Translation - Yusuf GahitiUmugore wa Firawuni aho aboneye Musa, yabwiye Firawuni n’ikigumbagumba n’akantu ati: “Ehe yemwe ikibondo kiri hano! Iki kibondo kizotubera twempi imvo y’akanyamuneza! Ndakwinginze ntuhirahire ngo ucice, hari aho cogira ico kitumariye canke tukacirerera nk’umwana wacu!”. Ivyo vyose rero, babigira batazi ko Musa azoba imvo y’ihonywa ryabo.
Looking for a topic? Try the meaning search — your question is scanned across all 6,236 verses.
Language — 70