قَالُوا۟ تَقَاسَمُوا۟ بِٱللَّهِ لَنُبَيِّتَنَّهُۥ وَأَهْلَهُۥ ثُمَّ لَنَقُولَنَّ لِوَلِيِّهِۦ مَا شَهِدْنَا مَهْلِكَ أَهْلِهِۦ وَإِنَّا لَصَٰدِقُونَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiAbo bantu icenda, babwiranye hagati yabo bati: “Umwumwe wese, narahire kw’izina ry’Imana Allah, ko dutegerezwa gutera giturumbuka Swalehe mw’ijoro, maze tukamwica we hamwe n’umuryango wiwe; hanyuma bukeye, nta nkeka ko tuzobwira umuhagarikizi wiwe azoshaka kumwihorera, ko tutigeze tumenya uko yapfuye, duheze turahire turengwe ko turi imvugakuri koko mu vyo tuvuze”.