لَوْ كَانَ هَٰٓؤُلَآءِ ءَالِهَةً مَّا وَرَدُوهَا وَكُلٌّ فِيهَا خَٰلِدُونَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiIyo ibigirwamana mwasenze mu gishingo c’Imana Allah biba bikwiye gusengwa vy’ukuri, ntivyari kwinjirana na mwe mu muriro wa Jahannamu. Ibigirwamana hamwe n’ababisenze rero, bazoguma muri nya muriro ibihe bidahera;