وَمِنَ ٱلشَّيَٰطِينِ مَن يَغُوصُونَ لَهُۥ وَيَعْمَلُونَ عَمَلًا دُونَ ذَٰلِكَ وَكُنَّا لَهُمْ حَٰفِظِينَ
Kirundi Translation - Yusuf GahitiTwarashoboje Sulayimani no kwikora ku mashetani, akagira ayo akoresha muri yo mu bikorwa vyo kwibira mw’ibahari kuropora ubutare n’amabuye y’agaciro, no mu guhingura ivyo yipfuza; kandi nya mashetani nta burenganzira yari afise bwo kwanka ivyo ayategetse, kandi Twebwe Allah Twarayamubungabungiye.